Uburundi Buheraniye Amabanki yo muri Ico Gihugu Imiriyaridi Ibihumbi 6

by moses
0 comment

Reta y’Uburundi ifitiye amabanki yo hagati muri ico gihugu umwenda ungana n’amamiriyaridi ibihumbi bitandatu mu mafaranga y’amarundi. Ivyo bishikirizwa n’umuhinga yanonosoye ivy’ubutunzi Diomede Ninteretse aheruka gukora icigwa ku vyerekeye amadeni Reta y’Uburundi ifise n’icokorwa kugira ibintu bihinduke.

Kubw’uwo muhinga Diomede Ninteretse, ideni Reta y’Uburundi ifitiye amabanki yo hagati mu gihugu risumba kure amafaranga ikoresha ku mwaka.

Kubera umurengera w’amadeni, umuhinga Ninteretse asigura ko abanyagihugu muri rusangi hamwe n’abagwizatunga baca babura amadeni mu mabanki y’ubucuruzi bigatuma imigambi y’iterambere ihagarara. Ahanura Reta kwirinda gufata umwenda mu mabanki kubera bifise ingaruka mbi cane kubutunzi bw’igihugu.

Mu misi iheze, hari urugendo rwakozwe n’umurwi w’ikigega c’isi FMI wari urongowe na Mame Astou Diouf, ajejwe Uburundi muri ico kigega mpuzamakungu. Muri raporo wasohoye uvuga ko wabonanye n’abategetsi hagati y’amatariki ya 25 na 29 ukwezi kw’icenda maze hagati y’itariki ya 2 niya 4 uku kwezi kw’icumi ukorana inama n’abategetsi b’Uburundi ku buhinga bwa none. Mu bategetsi baganiriye n’izo ntumwa harimwo umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca.

Icegeranyo c’uwo murwi Ijwi ry’Amerika ryabonye kivuga ko ubutunzi bw’Uburundi bugeze ahatemba, naho habaye utwigoro two kubunagura. Akarorero hagati mu kwezi kw’icenda, Uburundi bwari bufise amahera mu kigega ntegabizoza y’agaciro abushoboza kurangura mu makungu y’indwi zibiri zitarenga ntizirenguke mu gihe mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka yari ku rugero rw’ukwezi kurenga indwi imwe gusa.

Haraheze indwi zibiri, Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ibanki y’isi yose na FMI bagiriza ubutegetsi bw’igihugu kwiba amafaranga yagenewe imigambi.
Ico gihe, yasavye abaserukira abandi mu nzego z’umutekano kumufasha mu rugamba rwo kurwanya ba kaboko, Prezida Ndayishimiye yemeje ko buri mwaka umuliyaridi urenga w’amadolari uja mu mifuko y’abantu aho kuja mukigega ca Reta.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri, avuga ko ibintu vyarenze ihaniro. Mu rwandiko iryo shirahamwe ryasohoye ryemeza ko ubu ibintu vyose vya nkenerwa mu gihugu uhereye ku miti ukageza ku mwavu w’ikizungu abantu bakenera bigurwa nabi nabi cane kubera igihugu kitagira amikoro cane cane mu bijanye n’amafaranga y’agaciro.

Mu mwaka uheze, ikigega c’isi FMI cavuze ko Uburundi ari co gihugu ca mbere gikenye kw’isi. Ico kigega camenyesheje ko 87% vy’Abarundi bakoresha bakabeshwaho na 1,9 dolari ku musi.

Umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB, Dieudonne Murengerantwari arafunzwe kuva mu ntango z’ukwezi kw’icumi uyu mwaka. Umushikirizamanza kizigenza wa Republika Leonard Manirakiza yatangaje ko muvyo yagirizwa harimwo ukubangamira ubutunzi bw’igihugu, ukunyonora amatungo ya Reta no gukoresha amafaranga afise inkomoko mbi.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza

Inkuru ya: VOA

You may also like

Leave a Comment