
Ubutegetsi bwo mu ntara ya Kivu y’uburaruko muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo butangaza ko igisasu co mu bwoko bwa roketi cakomerekeje abantu 12 barimwo abasivile 11 hamwe n’umusirikare yari afise iyo roketi. Abakomeretse baciye batwarwa kuvurirwa mu bitaro vy’intara ariko mu nyuma umwe yahavuye ahasiga ubuzima.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vya buramatari w’iyo ntara kuri uyu wa kane rivuga ko mu masaha ya sa kumi z’umutaga ariho iyo roketi yo mu bwoko bwa RPG 7 yiyatse umusirike wa reta yari mu modokari ya gisirikare igihe yari igeze mu binogo mu masanganzira y’amabarabara y’ahatazirwa INSTIGO. Iryo tangazo rivuga ko iyo roketi yaciye irwa kuri sitade yitiriwe ubumwe.
Buramatari w’imfatakibanza w’intara ya Kivu ya ruguru, Jenerali Majoro Cirimwami Nkuba Peter yahojeje abakomeretse n’umuryango wabuze uwabo aca asaba abanyagihugu kuguma batekanye.
Inkuru ya: VOA