RDC : Abakandida 26 nibo bemerewe guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu

by moses
0 comment

Ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere itariki 30 ukwezi kwa 10 umwaka wa 2023, niho Dieudonné Kamuleta  Umukuru wa Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro muri repubulika ya demokarasi ya Congo yatangaza amazina y’abemerewe kwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu

Nkuko vyatangajwe na Dieudonné Kamuleta  aba kandida bemerewe kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe kuba mu mpera z’uyu mwaka ni ukuvuga mukwezi kwa 12 muri repubulika ya demokarasi ya Congo, bose hamwe ni 26. Hakaba ari inyuma y’aho umurwi ujejwe gutegura amatora muri ico gihugu wari wamenyesheje kuri uyu wa 19 ukwezi kwa 10 umwaka wa 2023, ko urutonde rw’imfatakibanza rw’abitoza muri ico kibanza ari 24.

Ariko iyo Sentare ikaba yongeyeko n’abandi 2 ama dosiye yabo yari yanswe n’umurwi w’igihugu ujejwe amatora CENI.

Kuri urwo rutonde, abahabwa amahirwe yo gutahukana amajwi menshi ni 4 ari bo : Moise Katumbi, Félix Tshisekedi arongoye ico gihugu mri kino gihe, umunyepolitike Martin Fayulu hamwe na Dr Denis Mukwege yatsindiye agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel muri 2018 (Prix Nobel de la paix 2018).

banner

Ikindi mwomenya n’uko kuri urwo rutonde, 24 ari abagabo mugihe 2 ari abakenyezi.

Abemerewe kwitireza muri ico kibanza c’umukuru w’igihugu akaba ari aba bakurikira:

  1. Augustin Matata Ponyo
  2. Adolphe Muzito.
  3. Tony Bolamba
  4. Jean-Claude Baende,
  5. Moise Katumbi
  6. Marie-Josée Ifoku
  7. Noel Tshiani
  8. Seth Kikuni
  9. Radjabho Tebabho Soborabo
  10. Theodore Ngoy
  11. Martin Fayulu.
  12. Denis Mukwege
  13. Delly Sesanga
  14. Franck Diongo
  15. Constant Mutamba
  16. Justin Mudekereza
  17. Georges Buse Falay
  18. Rex Kazadi
  19. Abraham Ngalasi
  20. Nkema Liloo Bokonzi
  21. Floribert Anzuluni
  22. Patrice Mwamba
  23. André Masalu.
  24. Félix Tshisekedi
  25. Joëlle Bile
  26. Enoch Ngila

Bamwe mubakurikiranira hafi ariko ibibera muri ico gihugu ca repuburika ya demokarasi ya Congo, bakavuga ko ayo matora ashobora kutazoba kubera intambara ziri mubuseruko bw’ico gihugu, na cane cane muri Kivu y’amaja ruguru, aho ingabo za leta FARDC zifadikanije n’ingabo z’Uburundi hamwe n’imigwi FDLR na Wazalendo, bahanganye n’umuhari M23. Ndetse abakurikirana ibijanye niyo mirwano bakatumenyesha umuhari M23 ubangamiye cane ingabo za leta nabo bafadikanije, aho uyo muhari M23 umaze kwicamwo abatari bake kuri izo mpande zose bahanganye, ukaba unaguma wigarurira uturere twinshi dutandukanye muntara ya Kivu y’amaja ruguru.

Ukutaba kwayo matora rero, ngo akaba ari naco cifuzo ca Prezida Felix Tshisekedi ayoboye ico gihugu, kuko vyomufasha kuba arirambiye kubutegetsi.

Freddy NKURUNZIZA

Source:Rwandatribune

You may also like

Leave a Comment