
Imvura ivanze n’igihuhusi yaguye mw’ijoro ryo kuri uno wa kane mu ma komine ya Rugombo na Buganda mu ntara ya Cibitoke mu burengero bw’Uburundi yaraye yononye ibintu vyinshi.
Ibiharuro vy’infatakibanza bitangwa n’abajejwe intwaro n’uko amazu arenga 600, amashure 20 n’amasengero 12 vyabomotse, abantu 5 nabo barakomereka.
Muri kino gihe, abahuye n’ivyo vyago bari mw’ibarabara kubera amazu yabo yabomotse ibiri mu nzu na vyo birononekara. Babwiye abakunzi b’Ijwi ry’Amerika ko bari mu maganya adasanzwe. Basaba gufashwa.
Umviriza ido n’ido muri ino nkuru y’umumenyeshamakuru Desire Hatungimana
Inkuru ya: VOA