
Repubulika ya demokrasi ya Kongo, kuri uyu wa kabiri, yasubiye kwagiriza u Rwanda ko rushigikiye abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23.
Mu butumwa ku rubuga X, rwahoze rwitwa Twitter, umuvugizi wa Reta ya Kongo, Patrick Muyaya, yashize ahabona amasanamu yafashwe n’utudege tutagira abadereva bita drone. Yasa n’ayerekana inteko z’u Rwanda ziriko zinjira mu bisagara vya Tongo na Rutshuru mu ntara ya Kivu yo mu buraruko, mu buseruko bwa Kongo. Muyaya yatangaje ko izo nteko ziba zigiye gufasha abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23.
Ku bw’umuvugizi wa Reta ya Kongo, kuba izo nteko ziri ku butaka bwa Kongo vyongereje ubwicanyi bwakozwe mu mihana y’ahitwa Ruzenze, Bishishe, na Marangara.
Mu ndwi iheze, Prezida Felix Tshisekedi, mu nama n’abategetsi bakomeye b’igisirikare, yarasusbiye gutangaza ko azokora ibishoboka vyose kugira atuze umurwi M23 n’abo bikorana mu vya gisirikare.
Abarwanyi b’umurwi M23 barafashe ibice bitari bike vyo mu ntara ya Kivu yo mu buraruko mu buseruko bwa Kongo mu mwaka urangiye. Barabandanya kugenzura ivyo bice.
Abategetsi ba Kongo bagirije Reta y’u Rwanda ko ifasha umurwi M23. Ku ruhande rwayo, Reta y’u Rwanda yagirije Kongo ko ikorana n’abarwanyi bo mu murwi FDLR bayirwanya. (AFRICANEWS)
Inkuru ya: VOA