Burundi: Ubwato Bunini ‘Musumba Cargo’ Buheruka Kigira Ikibazo

by moses
0 comment

Ubwato bwa mbere bunini “Musumba Cargo” buherutse gukorerwa mu Burundi bwoba bwaragize ikibazo bugasa n’ubumanyutse bugitangura gufata urugendo.

Amakuru Ijwi ry’Amerika yamenye ni uko ubwo bwato bwaba burimo gusanwa butaramara umwaka bukora.

Amezi hafi atanu araheze ubwo bwato buheruka gukorerwa ku mutumba Migera muri komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura, atawurabukubita ijisho kuva burungitswe mu kiyaga Tanganyika.

Abanyagihugu bo muri ako karere bidoga ko ata makuru yabwo bafise mu gihe bari babufiseko icizere kinini ku bijanye n’iterambere ry’urudandazwa.

Amakuru isoko ryacu rifise ni uko ubwo bwato bumaze amezi hafi atatu buriko burasanurirwa mu gihugu ca Tanzaniya. Umwe mu bafundi babwo, kandi ari mu bakozi babwo, avuga ko bwagize ingorane busa n’ubumanyutse bugeze Kabimbi muri Kongo.

Inkuru ya: VOA

You may also like

Leave a Comment